6 Ukw’icumi na kabiri 2020

Ethiopia: Umwe mu baba Tigray ati 'Sinibaza ko Tigray yari bwigere iba mu bigeragezo nk'ibi'
Insiguro y’isanamu,

Kuva ku wa 04 z’ukwa cumi na rimwe, ingabo za Ethiopia ziri mu ntambara n’ingabo za TPLF

BBC yarashoboye kuvugana na bamwe mu bantu baba hagati mu gisagara ca Mekelle, umugwa mukuru w’intara ya Tigray muri Ethiopia, ubwa mbere kuva umushikiranganji wa mbere atangaje ko intambara yari imaze indwi zine irangiye.

Umwe mu baba muri ico gisagara, n’umwiheburo mwinshi, ati: “Bitareye ubwoba. Ni ukuri ntivyoroshe na gato. Sinibaza ko Tigray yari bwigere iba mu bigeragezo nk’ibi”.

BBC yari imaze igihe igerageza kuvugana n’abantu baba muri ico gisagara gisanzwe kibamwo abantu bangana hafi igice c’umuriyoni. Amaterefone yaraciwe, eka n’amatara yama acikagurika, vyumvikana ko n’itumatumanako ritoroshe.

Ariko BBC yashoboye kuganira n’abantu babiri baba muri ico gisagara ku wa gatatu no ku wa kane, bashoboye gusigura ibibera muri ico gisagara.

Ku mvu z’umutekano wabo, amazina yabo ntavugwa.

Ethiopia: Umwe mu baba Tigray ati 'Sinibaza ko Tigray yari bwigere iba mu bigeragezo nk'ibi'
Insiguro y’isanamu,

Umugwa mukuru wa Tigray Mekelle, utuwemwo n’abantu bashika 500.000

Kuva ku wa 04 z’ukwa cumi na rimwe, bari mu ngorane zo kuronka ivya nkenerwa mu buzima.

Aba bantu babiri bavuga ko ata kiragenda kuva aho ingabo za Ethiopia zinjiriye muri Mekelle, haraciye indwi irenga.

Umwe muri bo ati: “Gushika ubu nta muyagankuba, nta mazi, amabanki ntakora”.

“Muri iki gisagara nta butegetsi buriyo”.

Yongera ko y’uko abasirikare ba reta ya Ethiopia baboneka mu bibanza bimwe bimwe, kandi ko kubera atagiporisi kiriyo canke abajejwe umutekano, ubusuma nibwo bwiraye.

Hagati aho, ibinyamakuru vyegamiye reta bitangaza ko iki gisagara “kiriko kirasubira mu buzima busanzwe”.

Ethiopia: Umwe mu baba Tigray ati 'Sinibaza ko Tigray yari bwigere iba mu bigeragezo nk'ibi'
Insiguro y’isanamu,

Imboneshakure ya Ethiopia (ETV) yerekana ko ibintu bimeze neza i Mekelle

Umunyagihugu yavugiye ku mboneshakure ya Ethiopia (ETV) yavuze ati “abantu baratembera, amaduka aruguruye kandi…turaja no gusenga. Ibintu bimeze nk’uko ubobona, amahoro arasasagaye”.

ETV yerekana amasanamu y’abantu batembera mu mabarabara ataco binona.

Ariko gusa hari ibintu bitandukanye vyerekana ingaruka y’igitero kuri ico gisagara.

Mu ndwi iheze, imbere y’uko ingabo za Ethiopia zinjira i Mekelle, yabanje guterwa amabombe mbere n’abanyagihugu bamwe bahungira hanze y’iki gisagara bahunga ibi bibombe.

‘Amazu yarasambuwe ‘

Ku wa mbere, umushikiranganji Abiy yashikirije ijambo abashingamateka i Addis Ababa aho yababwiye ko “ata musivire n’umwe yishwe” mu gihe ingabo za reta zatera ico gisagra.

Hagati aho, aba bantu babiri baba i Mekelle bavuganye na BBC bavuze ko biboneye abasivire bapfuye abandi bakomeretse mu bitaro vy’iki gisagara inyuma y’ibibombe vyatewe ku wa gatandatu w’indwi iheze.

Umwe muri aba yerekanye isanamu y’inzu yasambuwe na bombe mu karere kari gatuwemwo n’abanyagihugu kitwa Ayder Edaga Begie, mbere kinahitana n’umuryango wayibamwo.

Ethiopia: Umwe mu baba Tigray ati 'Sinibaza ko Tigray yari bwigere iba mu bigeragezo nk'ibi'
Insiguro y’isanamu,

Umwe mu bavuganye na BBC yerekanye isanamu y’inzu yasambuwe na bombe mu karere ka Ayder Edaga Begie, mbere kinahitana n’umuryango wayibamwo

Yishura kuri ibi bivugwa n’aba bantu, umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe intwaro rusangi Zadig Abraha yashigikiye umushikiranganji wa mbere ku vyo yavuze, maze abwira BBC ati: “Ku ruhande rwacu, twarashoboye gukora uburyo bwose abasivire ntibahasiga ubuzima”.

Mu ndwi iheze, ishirahamwe International Committee of the Red Cross (ICRC) ryatangaje ko ibitaro bikuru vya Mekelle “vyariko birarengerwa ku buryo buteye ubwoba” kubera ubukene bw’ibikoresho mu gihe vyabandanya bivura abakomerekeye muri iyo ntambara muri ico gisagara.

Hagati aho, ICRC, ntiyatanze igitigiri na kimwe c’abantu boba baraguye canke bakomerekeye muri iyo ntambara. Eka nta n’uko yamenyesheje nimba abapfuye canke abakomeretse bari abasivire canke abasirikare.

BBC kandi yarashoboye kuvugana n’umwe mu baba mu gice co mu burengero bwa Tigray, ahabereye intambara zikomeye mu ntango z’ukwezi guheze.

Muri ako karere, itumatumanako ryarasubiye gukora buke buke.

Uyu avuga ko abantu bagitekewe n’ubwoba muri ako karere, akavuga ko abarwanyi bo mu ntara ya Amhara ihana urubibe na Tigray bica, bagahohotera kandi bakirukana abo mu bwoko bw’aba Tigray.

Ati: “Naragerageje guhungira muri Sudani, ariko baratuzibiye. Turi mu bihe bidasanzwe. Bisa n’uko dupfunzwe. Hari abantu bataronka n’utwo bashira ku munwa iyo binyegeje mu mashamba”.

“Umusi wose tuba twinyegeje mw’ishamba. Ntitugira uwudukingira. Twarataye imirima yacu. Ibitungwa vyirirwa biriyerereza mu mirima”.

Mu kwezi guheze, umurwi wa Ethiopia ujejwe agateka ka zina muntu watangaje ko abantu bashika 600 bishwe mu gisagara ca Mai-Kadra. Wavuze ko abo mu bwoko bw’aba Amhara ari bo batewe n’urwaruka rw’aba Tigray rufashwe mu mugongo n’abategetsi b’umugambwe Tigray People’s Liberation Front (TPLF), ibishobora gufatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara.

TPLF irahakana ko ata ruhara ibifisemwo.

Aba banyagihugu babiri baba i Mekelle babwiye BBC kandi ko intambara zari zikibandanya hafi y’igisagara ku wa gatatu no ku wa kane.

Ariko umushikiranganji Zadig yavuze ati”nta ntambara ihari”, yongerako y’uko TPLF “ata bushobozi isigaranye bwo kubandanya intambara”, ko ahubwo ingabo za reta ziriko zirondera guhagarika abayirongoye.

TPLF yoyo ibandanya ivuga ko intambara ibandanya, ikavuga ko ihanganye n’abateye akarere kayo.

Read original article here.