14 Ukw’icumi na kabiri 2020

Tigray: umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yashitseyo kuva haduka intambara

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopa yagendeye umugwa mukuru w’intara ya Tigray ku ncuro ya mbere kuva ategetse igisirikare c’igihugu gutera iyo ntara yari yigumuye.

yitavye inama ya mbere y’abajenama bashasha b’iyo ntara.

Ku wa 29 z’ukwezi guheze, reta ya Ethiopia yatangaje ko intambar yari yadutse mu ntango z’uko kwezi hagati y’abarwanyi begukira umugambwe Tigray’s People Liberation Party n’ingabo za reta yarangiye.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, umushikiranganji wa mbere Abiy yavuze ko yabonanye kandi n’abakuru b’ingabo za reta ya Ethiopia muri ako karere.

Yavuze kandi ko muri kino gihe hari ibikorwa vyo gusanura itumatumanako hamwe n’umuyagankuba vyari vyacitse kuva iyo ntambara yanduka.

Uru rugendo rubaye haciye iminsi mike abonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Sudani ihaye indaro impunzi zishika 50.000 za Tigray zari zahungiyeyo kubera iyo ntambara.

Umutegetsi wa Sudani yatangaje ko umushikiranganji wa mbere w’iki gihugu yari yiteguriye kuba umuhuza muri iyo ntambara.

Ariko itangazo rya ntiryigeze rivuga na kimwe kuri ibi bitangazwa na Sudani, arikoyavuze ko intumwa z’iki gihugu kibanyi zari zishigikiye ibikorwa vya gisirikare muri Tigray.

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yaramiriye kure akamo yatewe n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Afrika vyipfuza ko haba ibiganiro hagati ya reta ya Ethiopia n’abari barongoye intara ya Tigray.

Read original article here.