21 Ukw’icumi na rimwe 2020

Brazil: Abazamu bishe umwirabure haca haduka imigumuko
Insiguro y’isanamu,

Abari mu myiyerekano bari bafise n’ivyapa vyanditse ko “birateye isoni kwitwa umuzungu” hamwe na “turasavye mureke kutwica”

Ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwakorewe umwirabure yagandaguwe n’abazamu b’abazungu babiri hanze y’ikigo c’akaguriro (supermarché) muri Brezili bwateye uburakari mu gihugu cose.

Ubu bwicanyi bwabaye ku wa kane, hasigaye umunsi umwe ngo bahimbaze umunsi wiswe Black Awareness (agatimamana) uhimbazwa n’abirabure kugira biyibutse iyo bavuye n’uruhara rwabo mu buzima bw’igihugu, bukaba bwatumye ejo ku wa gatanu haduka imyiyerekano yo kwiyamiriza ivanguraruhu.

Amashusho yerekana Joao Alberto Silveira Freitas w’imyaka 40, ariko arakubitwa incuro nyinshi mu maso n’aba bazamu bacungera iduka ry’ishirahamwe ry’ubuguriro Carrefour i Porto Alegre.

Vyagiye kugaragara ko umwe muri abo bazamu yari umupolisi wa gisirikare (police militaire) yari mu karuhuko.

Barafashwe, mu nyuma ishami rya Brezili ry’iri shirahamwe ry’ubuguriro rikomoka mu Bufaransa Carrefour, rikaba ryatangaje ko ryahagaritse amasezerano n’ikigo kijejwe gucungera umutekano cari catanze abo bazamu.

Brezili isanzwe izwi ko ifise kahise karekare k’ivanguraruhu. Nico gihugu ca nyuma ku mugabane wa Amerika cagiye guhagarika ubwa nyuma ubucakara bwakorerwa abirabure, mu 1888.

Abanyagihugu ba Brezili bamye bigishwa kuva muri kahise ko basanzwe baba muri demokarasi ishingiye kw’ivanguraruhu – umukuru w’iki gihugu wewe akaba ahakana ko atavanguraruhu riri mu gihugu – ariko abajejwe agateka ka kiremwamuntu bakavuga ko ibi vyiyumviro bihinduka ku rugero ruto cane.

Ireresi ry’iki gitero co mw’ijoro ryo ku wa kane mu gisagara co mu bumanuko bwa Brezili Porto Alegre yarazungurutse cane ku mbuga hwaniro no mu binyamakuru vy’iki gihugu – bituma abanyagihugu baterwa n’uburakari.

Yerekana Bwana Silveira Freitas, yari asanzwe atunzwe n’umwuga wo gusudira, ariko arakubitwa mu maso no mu mutwe n’umwe muri abo bazamu, mu gihe uwundi nawe yari amugumije. Uwundi mukozi nawe yari ahagaze ku ruhande ariko afata amasanamu y’aka kabi.

Amakuru avuga ko umutekano wongerejwe inyuma y’aho hari umugabo yateye ubwoba umukozi w’umugore kuri iri duka.

Mu gatondo k’ejo ku wa gatanu, abari mu myiyerekano bakoraniye imbere y’iki kigo ca Carrefour i Porto Alegre hamwe no ku mugwa mukuru Brasilia, baririmba kandi bafise n’ivyapa vyanditse ko “birateye isoni kwitwa umuzungu” hamwe na “turasavye mureke kutwica”. Eka imyiyerekano yarabaye no mu bindi bisagara.

Isekeza rya Black Lives Matter ryabaye rurangiranwa kw’isi yose inyuma y’igandagurwa rya wa mwirabure George Floyd muri Amerika mu kwa gatanu, ryaritabiriwe cane n’abanyabrezili benshi.

Mu 2019, igipolisi ca Brezili cishe abantu basumba hafi incuro zitandatu z’abishwe muri Amerika kandi hafi bose bari abirabure.

Abantu batari bake bariyamirije ubu bwicanyi bwo ku wa kane baciye ku mbuga hwaniro, harimwo n’umukinyi mpuzamakungu w’iki gihugu, Richarlison Andrade, asanzwe akinira umurwi Everton mu Bwongereza.

Yanditse kuri Twitter ati: “Bisa n’uko ibi bintu vyabuze umuti … mbere n’uyu munsi wahariwe kugarura agatima mpembero ntaco uvuze”.

“Mu vy’ukuri, agatimamana kari he? Bishe umwirabure, bamukubitira imbere ya za kamera. Baramukubise baranafata n’amashusho. Ubuntu n’isoni vyaratakaye, ubukozi bw’ikibi n’urwanko ni vyo vyiganje”.

Read original article here.